homepagekirundi_Sports

Umurwi nserukiragihugu w’abigeme Intamba mu rugamba waraye ukoze imyimenyerezo yawo ya mbere muri Algeriya

Inyuma yo kumara imisi itari mike bitegurira umurwi nserukiragihugu w’abigeme wa Algeriya, abakinyi b’Intamba mu rugamba bakoze imyimenyerezo yabo ya mbere muri ico gihugu ca Algeriya.

Abo bigeme b’umurwi nserukiragihugu bakaba baheruka gusezerera umurwi nserukiragihugu w’abigeme wa Ethiopiya mu nkino 2 zabereye muri ico gihugu nyene.

Bakaba bitabiriye inkino zibiri zizobahuza n’ico gihugu ca Algeriya mu gukurakuranamwo, mu kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa ry’igikombe ca Africa c’abigeme (WAFCON 2024) rizobera mu gihugu ca Maroc.

Bakaba bakiriwe n’uwusanzwe aserukira igihugu c’Uburundi muri ico gihugu Amb. MUGIRASONI Elisabeth, barongowe n’icegera ca mbere c’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Arcade NIMUBONA.

Alain Olivier Niyungeko umumenyereza mukuru ari kumwe na Belyse Ininahazwe bakaba batwaye abakinyi 20, abo nabo ni:

1.Umurerwa Ariella
2.Irankunda Amissa
3.Nzeyimana Adidja
4.Keza Angélique
5.Akimana Evelyne
6.Bukuru Rachelle
7.Nahimana Nasra
8.Habonimana Espérance
9.Nshimirimana Annociatte
10.Asha Djaffari
11.Bukuru Joella
12.Kanyamuneza Erica
13.Niyomwungere Peace Olga
14.Irankunda Charlotte
15.Niyonkuru Sandrine
16.Uwimana Aniella
17.Sakina Saidi
18.Bizimana Rukiya
19.Ineza Bora
20.Suzane Zilfa

Mwomenya ko urukino rwa mbere rutegekanijwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 30 munyonyo 2023 mu gihugu ca Algeriya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822