homepageArsenalBi FizzoInkinokirundikirundi_SportsRwandaYvan muziki

Massoudi Djuma yirukanywe muri As Kigali

Umumenyereza w’umurundi yari asanzwe amenyereza umugwi As Kigali Massoudi Djuma yirukanywe muri uyi mugwi.

Akaba yirukanywe n’uburongozi bw’umugwi As Kigali kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ndamukiza umwaka wa 2019. Yaba Massoudi Djuma canke uburongozi bw’uyo mugwi As Kigali ntanumwe aratanga impamvu yatumye yirukanwa.

Massoudi Djuma akaba yari amaze amezi 6 gusa muri uyo mugwi As Kigali benshi bakeka y’uko yoba yirukanywe kumvo zogutanga umusaruro muke muri uyo mugwi.

Mu nkino 22 yakinye yatsinze inkino 7 anganya 8 nago mu zindi nkino 7 aratsindwa.

Abamusubiriye vy’imfata kibanza akaba ari uwitwa Mateso Jean de Dieu hamwe na Nshutinamagara Ismael benshi bazi kw’izina rya Kodo.

Massoudi Djuma akaba yarashitse mu Rwanda mu mwaka wa 1998 akina mu Mugwi Apr Fc imyaka ibiri imbere y’uko yekereza mu Mugwi Kiyovu Sports .

Muri 2003 yaciye yerekeza muri Rayon Sports gushika muri 2004 ayifasha gutwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Rwanda inyuma yaho yaciye yerekeza mu gihugu ca Seychelles
Mu mwaka wa 2006 tagarutse muri Rayon Sports ahakina umwaka umwe .

Akaba yararangije gukina Umupira w’amaguru mu mwaka wa 2013 mu Mugwi wa Inter Star aca aba umumenyereza w’umugwi wa Inter Fc .

Akaba asanzwe afise imyanya bushobozi rya CAF bita ( Licence B) yayironse mu mwaka wa 2014.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871