homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Saido Ntibazonkiza yavuze imigwi nserukira gihugu yigeze kumurondera akayankira

Ibihugu dusangira akarere ka CECAFA vyigeze kuza kurondera Saido Ntibazonkiza kugira aze abikinire mu migwi nserukira gihugu vyabo.

Mu kiganiro Saido Ntibazonkiza yakoze n’umumenyeshamakuru wa Radio Rema FM Vivance , Saido Ntibazonkiza yavuze ukuntu yanse amahera ndetse n’inzahabu z’ibihugu bimwe bimwe dusangiye kano karere ka CECAFA nk’Urwanda , Tanzania kurundi ruhande na Congo RDC igihe vyari vyaje kumurondera kugira abikinire .

Akaba yagize ati” ibihugu vyinshi vyaraje kundondera kugira nze ndabikinire mu migwi nserukira gihugu yavyo ariko naravyankiye kuko nkunda igihugu canje naho narinzi ko atakintu nzakuronka kandi na Papa wanje yarigeze gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba sinari kwanka kugikinira “

Saido Ntibazonkiza akaba yabajijwe impamvu ata mugwi agifise gushika kuri uyu mwanya akaba yavuze y’uko vuba mu misi iri mbere abantu bazomenya aho azoja Imana ibishatse .

Mukamenya y’uko Saido Ntibazonkiza yakinye mu bihugu bikomeye biri ku mugabane wa Buraya nka Hollande , Pologne , Turkie , Ubufaransa hamwe na Kazakistan .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871