homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Umukuru w’igihugu yaraye ahaye agashirukabute intamba mu rugamba

Inyuma yo kuronka uburengenzira bwo kwitabira amahiganwa ya CAN 2019 agiye kubera muri Egiputa umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Peteto Nkurunziza yaraye ahaye agashirukabute umugwi w’intamba mu rugamba.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 1 Rusama umwaka wa 2019 mu ntara ya Rumonge ku kibuga c’ivyizigiro , niho hari haramutse haba ibirori vyo guhimbaza umusi mukuru w’abakozi n’akazi.Nyenicubahiro Mukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza akaba yarashoboye gushimira abantu batandukanye harimwo n’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba k’ukuntu witwaye mu kuronka itike yo kwitabira ihiganwa rya CAN 2019 rigiye kubera mu gihugu ca Egypte mu kwezi kwa Ruheshi.

Akaba yarabahaye impapuro “Certificat d’honneur” hamwe n’ibahasha ringana n’imiriyoni 2 z’amafaranga y’amarundi .

Umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko niwe yakiriye ako gashirukabute hamwe na Certificat

Mukamenya y’uko ari irya mbere intamba mu rugamba zitabira inkino za CAN 2019 kuva Uburundi bwikukiye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884