homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Umuvukanyi w’umuhisi Papy Faty arapfunzwe

Murumuna wa nyakwigendera Papy Faty yitwa Iddy Faty ngo arapfungiwe ku kibuga c’indege c’i Johannesbourg muri Afrika y’epfo.

Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 8 Rusama umwaka wa 2019, niho Mutoyi wa nyakwigendera Papy Faty ariwe Iddy Faty vyategekanywa ko afata indege aje aherekeje ikiziga ca Mukuru wiwe Papy Faty hamwe n’uwundi muntu wo mu muryango wabo. Iddy Faty akaba yaribagiriye impapuro ziwe mw’isakoshi n’umuntu wo mumuryango wiwe bari bategerezwa kuzanana baherekeje ikiziga.

Igihe bamusaba impapuro z’inzira Iddy yarondeye izo mpapuro arazibura agiye kurondera umuntu wo mu muryango iwabo yari azifise aca asanga yamaze kwinjira mu ndege , igiporisi caciye gitangura kumubaza aho ivyo bipapuro biri aca atangura kudidinganya niho guca babona y’uko ari umunyamanyanga baca bamuta mu munyororo.

Muri kino gihe akaba ariko akorerwa amatohoza n’igiporisi co mu gihugu ca Africa y’epfo kugira barabe y’uko igenekerezo rya 17 Rusama umwaka wa 2019 ashobora kurekurwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871