BurundiComedieshomepageintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Intererano ingana imiriyoni 79 z’amarundi niyo Intamba zahawe

Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba ubandanya ufatwa mumugongo n’amabanki ndetse n’amashirahamwe atandukanye .

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Rusama umwaka wa 2019, isaha zine zo mugatondo kuri Hotel Martha niho uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera agatwara n’inama Nkenguzamateka nyakwubahwa Honorable Reveriyano Ndikuriyo yakira intererano y’amasheke y’amabanki hamwe n’amashirahamwe atandukanye.

Imiriyoni 79 z’amafaranga y’amarundi niyo ntererano ayo ma banki n’amashirahamwe atandukanye yatanze ku mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba kugira witegurire neza ihiganwa rya CAN 2019 rigiye kubera muri Egiputa mu kwezi kwa Ruheshi.

Aya niyo ma banki hamwe n’amashirahamwe yatanze iyo ntererano:

  • Ishirahamwe Musumba Steel : 20.000.000 Fb
  • FENACOBU: 10.000.000 fb
  • BCB: 10.000.000 fb
  • REGIDESO: 10.000.000fb
  • IMENA: 10.000.000 fb
  • SOSUMO: 5.000.000 fb
  • SHANGHAI HOMOPORT: 5.000.000fb
  • KCB Bank : 5.000.000 fb
  • UNIPHARMA: 4.000.000 fb

Ayo mashirahamwe akaba aje asanga ayandi yari amaze gutanga intererano yayo nka BANCOBU, SAVONOR, BBCI, SOCABU, OTB , Tele 10, BRARUDI, NATURA hamwe na LUMITEL.

Mukamenye y’uko Intamba mu rugamba zizoba zifise urukino rukomeye n’umugwi Aigle Noir igenekerezo rya 31 Rusama umwaka wa 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891