DiasporahomepageJusticekirundikirundi_SportsMédiasMiss EricaWorld News

Ndikumana Seleman yaraye agize igisabisho ca Umrah

Kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Seleman yaraye agize igisabisho ca Umrah imbere y’uko afata indege imushikana I Bujumbura.

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 23 Rusama umwaka wa 2018, niho Kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Seleman asanzwe akina mu mugwi waduze mu cicaro ca mbere muri uyu mwaka mu gihugu ca Arabia Saoudite witwa Aladalah yagira igisabisho ca Umrah mu gisagara ca Makkah .

Ndikumana Seleman inyuma y’ico gisabisho yagize mu gisagara ca Makkah gituma ubabarirwa ibicumuro vyawe vyose , yaciye afata indege imushikana mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kuza kwitegurira neza urukino rukomeye ruzoba kuwa 31 Rusama umwaka wa 2019 rwiswe intamba Day ruzohuza Intamba mu rugamba hamwe na Aigle Noire mbere akazoba aje no kwitegurira neza ihiganwa rya CAN 2019 rigiye kubera muri Egypt .

Amakuru Indundi Sports yaronse n’uko Ndikumana Seleman yashitse I Bujumbura kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Rusama umwaka wa 2019.

Ndikumana Seleman akaba ariwe mukinyi wa mbere w’umurundi amaze gukina mu bihugu vyinshi vy’iburaya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 875