homepagekirundikirundi_Sports

Ulimwengu Jules yaraye afashije Rayon Sports gutwara igikombe

Umusatirizi w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 Ulimwengu Jules yaraye afashije Rayon Sports gutwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier League.

Hari kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 23 Rusama umwaka wa 2019, aho umugwi Kirehe Fc wari wakiriye Rayon Sports mu rukino rw’indwi ya 29 y’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam premier league, urwo rukino rukaba rwarangiye Rayon Sports inyagiye bimwe bikomeye Kirehe Fc ibitsindo 4 ku 0.

Muri ivyo bitsindo harimwo ibitsindo bibiri vy’umusatirizi w’intamba mu ruhamba z’abatarenza imyaka 23 Ulimwengu Jules aho igitsindo ca mbere yagitsinze ku munota wa 24 w’urukino, ica kabiri agitsinda ku munota wa 74 w’urukino mugihe ibindi ibitsindo bibiri navyo vyinjijwe na Michael Sarpong afise ubwenegihugu bwa Ghana.

Intsinzi Rayon Sports yaraye ironse yatumye batahukana igikombe c’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier League c’umwaka wa 2018-2019, ari naco gikombe kigira 9 batwaye .

Ulimwengu Jules akaba yaciye arangiza ihiganwa ryo mu Rwanda ariwe afise ibitsindo vyinshi gusumba abandi akaba yakwije ibitsindo 19.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871