DiasporaDonard TrumphomepageJusticekirundiMédiaspoliticssocieteWorld News

Umukuru w’inama nshingamateka asaba Samba Panza gukurikirana urwaruka kuva rukiri mu mashure y’intango

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu waraye uheze, igenekerezo rya 7 Ruheshi umwaka w’2019, umukuru w’inama nshingamateka Nyenicubahiro Pascal Nyabenda yarakiriye mu biro vyiwe Nyakwubahwa umupfasoni Catherine Samba Panza yigeze kuba umukuru w’igihugu ca Centrafrique ubu arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi rijejwe gukinga indyane no kunywanisha abanya Afrika.

Imvo nyamukuru yatumye uwo mupfasoni asaba uwo mubonano ngo kwari ukugira ngo abaze ingene amategeko y’Uburundi yubatse kugira amenye ikibanza abakenyezi bayafisemwo.

Bamaze kuganira, uwo mupfasoni yarakengurutse cane amaze gusanga mu nama nshingamateka gushika ubu abakenyezi baserukiwe gushika ku bice bigera kuri 36%.

Inyuma y’uwo mubonano, Nyenicubahiro umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yamenyesheje ko muri uyo mubonano yaboneyeho gusaba umupfasoni Samba Panza ko mu rugamba barimwo rwo gukurikirana abapfasoni n’abigeme ko bohora  bakurikirana urwaruka ry’abigeme rukiri ku ntebe y’ishure kuva mu mashure y’intango gushika barangize amashure kuko hari abo usanga bahuye n’ibibazo bagatwara nk’imbanyi batipfuza bagaca bata amashure kandi aribo wosanga bazovamwo abazokwitoza muri kazoza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760