Entertainmenthomepagekirundimusic

Indero bariko baha umwana wabo Diamond na Hamissa ngo ni sawa

Hamissa ntavuga rumwe n’abantu babona ikibazo kuba Diamond aheruka gushira kuri Instagram foto y’umwana bavyaranye, naho yabiheruka kera.

Ivy’ishirwa kuri Instagram ry’umwana wa Mobeto na se, vyahavuye bivamwo ikibazo kuko Diamond ataheruka gushira ahabona amashusho y’uwo mwana wiwe.

Ivyo vyahavuye bibazwa Mobeto aho bari bahejeje gutanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, be na Christian Bella. Abajijwe ivy’umubano wa Diamond yavuze ko ari sawa, kandi ngo bafashanya neza kurera umwana wabo.

Muri ico kiyago dukesha ikiganiro gica ku mboneshakure SMS muri Tanzania, Mobeto yanahumurije abantu ko ishirwa kuri Instagram ry’umwana wiwe ata kibazo abibonamwo. Yongerako ko abona ari ibisanzwe kuko yashizweko na se, atari uwundi yamushizeko.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe Hamissa akomeza gushinga imizi mu muziki muri Tanzania, nayo Diamond bagize imisi bavuga ko asa n’uwuriko arasubira hasi mu muziki, abandi nka Harmonize bariko baramucako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769