DiasporahomepageJusticekirundikirundi_SportsMédiasWorld News

Fiston Abdoulrazzaq yavuze ibanga bakoresheje kugira banganye na Algerie

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzaq yavuze ibanga bakoresheje kugira bashobore kunganya na Algeria igitsindo 1-1.

Mu kiyago gito yagiranye na Indundi Sports Umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzaq yabanje gishimira bimwe bivuye ku mutima ishirahamwe ry ‘Umupira w’amaguru mu Burundi FFB k’ukuntu babitwararika ikintu cose abakinyi bakeneye barakironka ku mwanya akaba yashoboye kuvuga ibanga bakoresheje kugira bashobore kunganya n’Umugwi Wa Algeria n’uko Umumenyereza wabo Alain Oliver Niyungeko yabahaye impanuro y’uko ntibihende bagaha umwanya wo gukina Umugwi wa Algeria na cane cane mu minota 15 yo gutangura mpaze nabo baca barabikurikiza.

Fiston ati” ndashimiye bimwe bivuye ku mutima Inshirahamwe ry ‘umupira w’amaguru mu Burundi FFB batwitwararika ikintu cose dusaba tukironka k’Umwanya , kuvyerekeye urukino rwa Algeria ikintu catugoye n’irya minota yambere kuko baradusatiriye bimwe bikomeye ariko tukaba twaciye dukurikiza impanuro Umumenyereza wacu yaduhaye kuko yari yatubwiye y’uko tuzibiye Algeria Iminota 15 ya mbere Uyo mugwi tuzoba tuwushoboye”

Ico bize ku rukino rwa Algeria

Fiston Abdoulrazzaq akaba yavuze y’uko mu mupira w’amaguru nturabe amazina ngo uyu akina Manchster city canke ahandi n’uko bose bafise imiguru ibiri kandi bose ni abantu icambere n’ukwitanga kuko iyo witanze ugakina n’umutima umwe urashika aho ushaka akavuga y’uko ishaka risumba ubuhinga kuko naho woba ufise ubuhinga iyo udafise ishaka n’impfa gusa .

Ico asaba ku rukino rw’ikivandimwe n’Umugwi wa Tunisia

Fiston akaba asaba IMANA y’uko yobafasha mu rukino rwa Tunisia ntihagire n’Umukinyi n’umwe akomereka kuko ntimba bazokina urwo rukino igenekerezo rya 17 Ruheshi kandi bafise urukino rwa CAN na Nigeria igenekerezo rya 22 Ruheshi ni ibintu vyo kwirinda kuko basanga batakaje bamwe mu bakinyi b’intamba bakomeye vyose akaba yabishize mu maboko y’IMANA ndetse no gusenga cane ariko akaba atasivye kubwira bagenzi biwe bitange cane muri urwo rukino rwa Tunisia kuko kazoba ari akaryo keza ko kwipima neza kugira urerwo bagezeko niho bizobaha ishusho yo kuja muri CAN.

Kuvyerekeye Itsinda barimwo muri CAN ntabwoba ryoba ribatera?

Fiston Abdoulrazzaq akaba yaganiriye Indundi Sports avuga y’uko mw’itsinda barimwo nta mugwi n’umwe wobatera ubwoba mugihe botsinda Tunisia canke ngo banganye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 875