homepagekirundikirundi_Sports

Issa Bigirimana yasezeye abakunzi ba APR

Inyuma yo kugurwa n’umugwi Young Africans wo mu gihugu ca Tanzania Issa Bigirimana yasezeye abakunzi b’umugwi Apr Fc yakinamwo hamwe n’abarongozi b’uyo mugwi.

Kuva aho Issa Bigirimana aguriwe n’umugwi Young Africans wo muri Tanzania, uyo mukinyi afise ubwenegihugu bubiri Aribwo Uburundi hamwe n’Urwanda kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 4 Mukakaro umwaka wa 2019 yanditse amajambo yo gushimira abakunzi b’umugwi Apr Fc hamwe n’abarangozi abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Akaba yagize ati : “Mfashe umwanya wogushimira ikipe ya APR FC mu myaka itanu ishize ndi umukinyi wayo, by’umwihariko ndashimira abayobozi kubw’urukundo mwangaragarijye mugihe tumaranye .
Ndashimra cyane abatoza bamfashijye umunsi kuwundi bakampa icyizere no kunshoboza gukina.
Ndashimira cyane abakinyi bagenzi banjye twabanye mugihe narimaze muri “Apr fc”.
Ndangijye nshimira byimazeyo abafana ba APR FC urukundo mwanyeretse kuva nahagera imyaka itanu ishize.
Nkaba nagirango mbamenyeshe yuko tutakomezanya nk’umukinyi wa Apr fc kuko ngiye gukomereza akazi ahandi..

Mukamenya y’uko Issa Bigirimana yavukiye mu Burundi mu Gatumba muri komine Mutumbuzi, yarakinye mu mugwi wo mu cicaro cambere hano iwacu ariwo LLB Sports 4 Africa akina no mu mugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871