BurundiDiasporaEntertainmenthomepagekirundimusic

Mt Number one ngo azohava ashikirwa n’ivyabaye kuri Canco Hamissi

Mt number one ngo kwisemba sivyo biza imbere, nico gituma atiteze Awards muri ino misi, ngo bizohava biba nk’ivyabaye kuri Canco Hamissi.

 

Mt number one yavuze ko abantu batisemba ama Awards yabo bakunze kuyabaha baramaze kwitaba umuremyi.  Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Mt ubwiwe Ku rubuga rwiwe rwa WhatsApp.

“Kawaida abantu nkatwe tutisemba, Award zacu bakunda kuziduha twarapfuye, nka kurya Canco Hamissi vyaraye bigenze, R.I.P Legend.

Ivyo bikaba vyakurikiwe n’ikiganiro yatanze Kuri imwe mu mboneshakure za hano iwacu zikorera Ku rubuga rwa YouTube, aho yavuze ko ikintu nyamakuru camuzanye I Bujumbura Atari BMA, ahubwo ngo afise ibindi vyari vyamuzanye.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe ata gashimwe -Awards- na kamwe yaronse mu mice -Category- yose yarimwo mw’ihiganwa BMA I Bujumbura. Iyo mice ikaba ari nka Best Collabo, aho yagatwawe na Akes Don, hamwe na BEST diaspora Artist aho yagatwawe na Ado Josan.

Naho biruko mwokwibuka ko Mt Number one ari umwe mu baririmvyi bitanze batiziganya muri ino myaka 2 iheze mu gukora indirimbo zitari nke kandi zakunzwe, harimwo n’iyo yari mw’ihiganwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779