BurundiDiasporaEntertainmenthomepagekirundimusic

Jiji Seven yuguruye urubuga ruzodandaza umuziki ndundi

Isokomusic n’urubuga rw’uwitwa umuririmvyi uwariwe wese w’umurundi, yaba uwuririmba indirimbo zihimbaza Imana, canke izikunze kwitwa ko ari iz’isi.

Isokomusic n’urubuga rugiye kugurisha umuziki w’abarundi, urwo rukaba ar’urw’umuririmvyi Jiji Seven, akaba azobikora abicishije muri Company yiwe yise 7music ifise icicaro gikuru muri Sweden iyo asanzwe aba, ariko n’i Bujumbura iyo Company ngo yaramaze kuyandikisha.

Mu kiyago yagiranye natwe yatubwiye ko urubuga yarushinze kugira rubere isôkó -Source- ry’umuziki ndundi baba abarundi co kimwe n’abanyamahanga. Ariko kandi akaba yanarushinze ngo Kabe akaryo ku barundi baba mu mahanga babashe gushigikira umuziki ndundi.

Iciyumviro c’ukurushinga ngo n’ico kuva kera, ariko vyabanje kumufata umwanya wo kurondera uburyo bikorwa, ngo bikunde ntazohave asanga abikoze ukitariko. Ikindi kandi ngo iyo company yiwe ntizokora ico gusa, kuko afise ibindi bisata vyinshi azokoreramwo, birimwo n’ugutegura imanza zitandukanye, ari naco gituma agiye kuza I Bujumbura kugira aharondere umurwi bazokorana.

Ku bokwibaza ko yoba yashinze urwo rubuga ngo abasanzwe ari baririmba indirimbo zihayagiza Imana abe aribo barubonekako bonyene arabahumuriza. Ngo Isokomusic n’urubuga rw’uwitwa umuririmvyi w’umurundi wese, yaba uwuririmba indirimbo zihimbaza Imana canke uwuririmba izo bakunze kwita iz’isi.

Uko Isokomusic iboneka ukoresheje mudasobwa -Computer-

Mu makuru yacu yo hanyuma tuzogaruka ku buryo urwo rubuga rwa Jiji seven avuga ko rutandukanye n’izindi. S’ico gusa tuzonagaruka Ku bisabwa ngo ubashe kwemererwa gushirirwa ururirimbo kuri urwo rubuga rwa Isokomusic.

Mwokwibuka ko Jiji Seven abarizwa muri Sweden haraheze igihe kitari gito, aho amaze kunonosorera ubumenyi butari bike mu bijanye n’ukuririmba, eka n’ubundi buzima butandukanye

What's your reaction?

Related Posts

1 of 779