homepagekirundikirundi_Sports

Ngo ibiriko bivugwa kuri Berahino sivyo

Ngo ivyo ikinyamakuru co mu bwongereza Dail mail coba canditse y’uko kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino yoba agiye kugurwa n’umugwi wo mu cicaro cambere wo gihugu c’ububirigi witwa Zulte Waregem bivanye n’uko yabonetse mu myimenyerezo y’uwo mugwi ngo sivyo .

Kuri uyu wa wambere waraye uheze igenekerezo rya 15 Mukakaro umwaka wa 2019, ikinyamakuru co mu bwongereza Dail mail caraye canditse y’uko kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino agiye gukina mugwi wa Zulte Waregem wo mu gihugu c’ububirigi kumvo z’uko yoba yatanguye imyimenyerezo muri uyo mugwi.

Indundi Sports imaze kubona iyo nkuru yaciye yegera Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constantin akunda kuba ari hafi y’uwo mukinyi kugira atange umuco ku biriko bivugwa kuri Saido Berahino .

Mutima akaba yabwiye Indundi Sports y’uko ivyo ikinyamakuru Dail mail canditse atarivyo kandi gukora imyimenyerezo muri uyo mugwi wo mu Bubirigi ngo ntibica bisigura y’uko yoba agiye kuwukinira ngo gushika ubu uyo mukinyi ntarahitamwo umugwi azokinamwo mwihiganwa ry’umwaka wa 2019- ushira uw’2020 .

Mutima akaba yagize ati : “gukora imyimenyerezo mu mugwi Zulte Waregem wo mu Bubirigi ntibica bisigura y’uko yoba agiye kuwukinira , amaze kuronka imigwi myinshi imwipfuza harimwo imigwi yo mu gihugu c’Uburusia, America , Ubwongereza, Ubutariano hamwe Tirikiya ariko gushika muri kano kanya ntarahitamwo umugwi azokinamwo mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2019 ushira uw’2020”.

Saido Berahino akaba yarakiniye imigwi ya Best brom Albion hamwe na Stock City ikaba imaze kumurekura arondera uwundi mugwi yokinira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871