homepagekirundikirundi_Sports

Ismail Nduwantare agiye kumenyereza Gicumbi Fc

Umugwi Gicumbi Fc wo mu gihugu c’Urwanda wahaye amasezerano umumenyereza w’umurundi ariwe Ismail Nduwantare kugira abe umumenyereza wawo.

Ismail Nduwantare akaba yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza umugwi Gicumbu Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda mu kiringo c’imyaka ibiri.

Ismail akaba afise urupapuro rw’umutsindo A rutangwa na CAF , mu mwaka uheze yamenyereza umugwi les jeunes Athletics.

Mukamenya y’uko Ismail Nduwantare yamenyereje imigwi itandukanye ya hano iwacu nka Prince -Louis, Inter Star, Kayanza United , Delta Star hamwe na Flambeau de l’Est.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871