homepagekirundikirundi_Sports

Tennis : Sada Nahimana i Bujumbura

Inyuma yo kwigenza neza mu mahiganwa ya Wimbledon na Notingham, numéro imwe muri Africa muba junior akaba numero 12 kw’isi Nahimana Sada ubu abarizwa mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Mukakaro 2019, Sada Nahimana aza gutana mu mitwe n’umuhungu yitwa Ntamba Radjabu mu rukino rwa kivandimwe kuri entente sportive isaha zitanu .

Mu ndwi iza akazobandanya ayandi mahiganwa muri Kenya na International 18 & under GSDF team north America.

Tubibutse ko muri uno mwaka Sada yahiganwe mu mahiganwa akomakomeye atabonekamwo abarundi nka Roland Garros na Wimbledon .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871