EntertainmenthomepagekirundimusicWorld News

Beyonce yemeje ko Jayz akomoka mu Rwanda

Urukurukuru ko Jayz yoba akomoka mu Rwanda rwamaze gukwiragizwa hirya no hino. Abantu bamwe bakaba bamaze kumutorera amazina.

Igitero ca 3 c’indirimbo nshasha ya Beyonce cavyuye ibibazo bitari bike mu bakurikirana umuziki wiwe co kimwe no mu banyafrika bamwe bamwe bo muri Afrika y’ubuseruko.

Ivyo bibazo bihagaze Ku majambo arimwo aho Beyonce avuga ko umugabo wiwe akomoka mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Nayo we akaba avuga ko ari umwamikazi akomoka Ku wahoze ari umwamikazi akomeye wo muri Afrika, kandi akanavuga ko ava mu bwoko buboneka mu bihugu vy’uburengero bushira ubuseruko bwa Afrika.

Ivyo bikaba bigoye kwemeza kuko abaririmvyi haraho bavuga ibintu bitarivyo mu ndirimbo, ariko kandi bikaba binashoboka kuko yaba umugabo co kimwe n’umugore Bose ari abirabure, bakaba bakomoka Ku birabure bajanywe muri ico gihugu nk’umugaragu ” Esclave”.

Bamwe mu bakaba bamaze kumutorera amazina ajana n’impfunyapfunyo ya Jayz, abandi nabo bamukorera na karangamuntu.

 

 

View this post on Instagram

 

A post shared by King Yann Cool (@kingyacool) on


Mwomenya ko Iyo ndirimbo iri mu rukurikirane rushasha rwie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769