BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Umuzo wa Diamond i Bujumbura, Sat-b awubona ukundi

Ugushigikirwa bikomeye nivyo Sat-b yisabira abarundi gusumba kwifatanya n’ababona ko Diamond aje kubasahura.

Amafaranga Diamond yemerewe ngo aze gukora igiteramo I Bujumbura ngo ntiyarakwiye gutera ikibazo umuntu numwe. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Sat-b ubwiwe mu kiganiro yahaye bagenzi bacu.

Muri ico kiyago yavuze ko igituma bitari bikwiye gutera ikibazo umuntu ngo nuko uwo ari umuririmvyi akomeye muri Afrika, hampande y’ico ngo yanashize amafaranga menshi mu muziki wiwe. Birumvikana rero ko ngo ategerezwa kuyagarura.

Igikenewe Sat-b abona ku barundi ngo bokwihutira kuzoraba uko uwo musi nyezina bazoshigikira abaririmvyi ndundi, kugira Diamond abone ko nabo baticaye bariko barakora. Gutyo ngo bizotuma nawe abona ko abacu bashigikiwe gusumba.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe Natacha we atabibona uko, kuko mu butumwa aheruka gushira ahabona, avuga ko abaririmvyi ndundi bariko baracinyizwa. Gute?  bivanye n’amafaranga bahawe mu biteramo, hamwe n’ayo uwo muririmvyi azogenda ajanye.

 

 

View this post on Instagram

 

A post shared by PrimusBurundi (@primusburundi) on


Mwomenya ko uwo muririmvyi yitezwe igenekerezo rya 27/7 I Bujumbura kuri ETS Kamenge mu giteramo c’igice ca Inyuma c’ihiganwa Primusic

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775