homepagekirundikirundi_Sports

Icatumye Ndikumana Trésor agurwa muri Ac Léopard

Umukinyi w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 Ndikumana Trésor yahawe amazereno mu mugwi Ac Léopard wo mu gihugu ca Kenya .

Inyuma y’aho umugwi Amagaju Fc yari asanzwe akinamwo ukorokeye mu cicaro ca kabiri kuri uyu wa Mungu waraye uheze igenekerezo rya 21 Mukakaro umwaka wa 2019, umukinyi w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 Ndikumana Trésor yaraye ashize umukono ku maseserano yo gukinira umugwi Ac Léopard mu kiringo c’imyaka ibiri.

Ugutsindira umugwi Amagaju Fc ibitsindo bishika kuri 9 kandi akinishwa hagati ku nomero 6 agatanga n’impira igera kuri 6 yazanamwo ibitsindo nivyo vyoba vyatumye uyo mukinyi yipfuzwa na Ac Leopard yo mu gihugu ca Kenya.

Aganira na Indundi Sports Ndikumana Trésor yavuze y’uko yaronderwa n’imigwi itari mike yo mu Rwanda ukuyemwo imigwi idakinisha abanyamahanga hamwe na Rayon Sports iyindi yose yaramurondera ariko abona guhitamwo kuja mu gihugu ca Kenya kugira ahindure ikirere.

” Ego nashize umukono ku masezerano yo gukinira Ac Leopard mu kiringo c’imyaka 2 ,imigwi itandukanye yo mu gihugu c’Urwanda yarandondera ndayikinire kiretse iyisanzwe ikinisha abanyarwanda gusa hamwe na Rayon Sports ariko mpitamwo kuja muri Ac Leopard kugira mpindure ikirere”.

Ndikumana Trésor akaba yakuriye mu mugwi JCA wa Bisoso, akina mu migwi Union Sporting , LLB4A hamwe na Amagaju Fc muri kino gihe akaba agiye gukina mu mugwi Ac Léopard ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871