East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Zari yavuze ko icatumye bavana na Diamond atari ukumuca inyuma

Kuba Diamond yaraciye inyuma Zari ngo sico gihambaye catumye amuheba, ariko hari ibindi bikomeye vyabiteye.

Zari ngo ntiyahoye Diamond kumuca inyuma, ahubwo ngo hari ikindi gikomeye gusumba kumuca inyuma yamuhoye. Zari akaba aheruka kubiyagira Ayo Tv mu kiganiro kitari gito bakoranye aho bamusanga muhira muri Afrika y’epfo.

Muri ico kiganiro, uwo muvyeyi w’abana 2 ba Diamond yavuze ko ugucana inyuma atariyo yari inyendamuvano yo kumuheba, ahubwo akagaye n’ugutakaza icizere ngo nivyo vyamutumye adashima kubandanyana nawe muri urwo rugendo rw’urukundo.

Zari agasobanura ko ukwo gutakaza icizere guhagaze kuko yamubeshe akatari gake, ariko mu nyuma bikaza kuboneka ko kwari ukuri. Aho agatanga akarorero k’ubusambanyi  bwiwe na Hamissa atashimye kumubwiza ukuri, ariko agashima kumubesha, mu nyuma hakaboneka ivyemeza ko vyabaye.

Muri ico kiganiro Zari avuga ko yipfuza ko Diamond amubwiza ukuri kuvya Hamissa noneho ngo bakarondera uko babisohokamwo nk’umugabo n’umugore, ariko Diamond ngo yashimye kumubesha kugira arabe uko abihunga.

Nayo akagaye ko akaba agahagarika ku kwinjiza abakobwa mu nzu yabo muri Tanzania, inzu baryamanamwo n’abana babo. Ico akagifata nk’ukumugaya n’ukumugayisha mu bandi bantu.

Nayo kumuca inyuma vyo ngo nta kibazo abibonamwo kuko isi yamaze gutakaza Ubuntu, bituma abantu batubaha  umuryango, canke ngo bubahe ubucuti bafitanye.

Mwomenya ko ivyo abishikirije mu gihe umukunzi mushasha wa diamond yibungenze kandi bivurwa ko buca barushinga vuba cane. Icipfuzwa na Mama wiwe kuko ngo ariko kaganuka -Gift- gasumba utundi yipfuza kavuye ku muhungu wiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769