East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond yoba asigaye asohokana n’uwundi mukobwa

Bamwe muba Paparazzi muri Tanzania bemeza ko Diamond asohokana n’umukobwa w’umu Tanzaniyakazi, ariko We akabihakana.

Ibiheruka gushikirizwa na Zari ko akageso ka Diamond platnumz ko kuvanga abakobwa gashobora gusubira kandi kuvyuka, NGO bishobora kuba vyasubiriye kandi kuvyuka. Ivyo n’ibiheruka Ku boneka Ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Instagram rw’aba Paparazzi muri Tanzania.

Urubuka Udakutz, ruheruka kumenyesha ko Diamond ashobora kuba ari mu rukundo n’umukobwa wo muri Tanzania nawe asanzwe azwi cane. Uwo bikavurwa ko hashobora kuba haheruka gusohoka amashusho aberekana bari mu rukundo rukomeye.

Uwo mwigeme akaba ari Lulu Diva nawe asanzwe aririmba kandi anamenyekanye cane muri ico gihugu. Ariko naho biruko Diamond akaba abihakana yivuyr inyuma, akavuga ko bamubeshera.

Abicishije kuri urwo rubuga nyene, akaba yagize comment aho yabeshuza ayo makuru avuga ko ari ububeshi ata bucuti bw’abakundana afitanye nawe. Akaba yanagiriyeko asaba ko hoba ukwobahana Ku Bantu bariko barakwirakwiza ico gihugu.

Naho Diamond yabibeshuje, abakurikirana urwo rubuga bo ntibabibona uko, kuko babona ko hari ico yoba yiyotsa.

Ivyo bakaba babishikirije mu gihe umukunzi wiwe Tanasha yiteze umwana w’umuhungu, uwo nawe bikaba bivurwa ko azovuka mu kwezi kuza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769