BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicpromoted

Big Fizzo yavuze uko umubano wiwe na Sat-b uhagaze


Big Fizzo ntabona kumwe n’abandi ikivurwa nk’ikibazo hagati yiwe na Sat-b.

Big Fizzo ngo nta kibazo yigeze agiriranira na Sat-b kandi nta n’ico azigera agiriranira n’abaririmvyi b’abarundi, ivyo n’ivyo aheruka kuvugira ku mboneshakure ya hano iwacu ikorera ku rubuga rwa Youtube.

Muri ico kiganiro kitari gito, Big Fizzo yabajijwe nimba kuba Sat-b yaramuhamagaye ngo baririmbane, bivuze ko ikibazo coba cari gihari hagati yabo caheze. Big Fizzo yishuye ko ataco bigeze kuba bafise, ku ruhande iwe, ngo uwo bigeze kugiriranira ikibazo, Beef, ni Auncle Crazy gusa abandi nta kibazo bazigera bagiriranira.

“Kuri jewe nta kantu nari ndamufitiye, peu être ico kibazo wokimubaza we.”

Abajijwe uko yavyakiriye Sat-b amuhamagaye, Big Fizzo avuga ko yavyakiriye neza, ngo iciyumviro cari ciza cane.

“J’étais surpris mugabo vyari ibintu vyiza, nabonye kwari Normal. Mugabo vyari ibintu vyiza, kuko déjà twabikoze hari abanyamahanga, yagize ikintu ciza cane.”

Ivyo akaba abishikirije mu gihe hari hatanguye gukwirakwizwa hirya no hino amakuru ko Big Fizzo na Sat-b babesha abantu ngo barankana kandi batankana, igituma ngo nuko iyo bari mu bantu baganira neza.

Ivyo bakaba babivuga bifatiye ku mashusho yafatiwe muri Primusic yakwirakwijwe hirya no hino aho habonetse Big Fizzo na Sat-b bariko baganira, hakiyongerako ko baririmbanye muri ico giteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775