homepagekirundikirundi_Sports

Florent Ibenge yatanze imihoho

Ugutanga imihoho kwa Florent Ibenge kwoba kwatumwe n’uko atitwaye neza mu nkino za AFCON2019 .

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 07 Myandagaro umwaka wa 2019 , niho umumenyereza w’umugwi nserukira wa Congo Leopard Florent Ibenge yatanga imihoho inyuma yo kugiranira ibiganiro n’uburongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Congo .

Ibenge akaba asa nkuwashikanye kuvyo yari yiyemeje aho mu rukino rwo mu gice 1/8 gishira icanyuma cahuje umugwi wa Congo aho yatsinzwe na Magadascar uyo mumenyereza yari yavuze y’uko urwo rukino rwoba ari urw anyuma amenyereza umugwi nserukira gihugu wa Congo .

Bamwe mu bakinyi b’umugwi nserukira gihugu wa Congo nka Cédric Bakambu ntibari bakimwipfuza aho bavuga y’uko atabushobozi afise bwo kumenyereza uyo mugwi .

Ibenge akaba yari amaze imyaka 5 amenyereza umugwi nserukira gihugu wa Repubirika iharanira demokarasi ya Congo Leopard Fc akaba yari n’umumenyereza w’umugwi wa Vita Club uri mu gisagaca ca Kinshasha .

Yafashije igihugu ca Congo gutwara CHAN y’umwaka wa 2016 yabereye mu Rwanda asubira afasha Congo kwitabira inkino za CAN imyaka itatu yikurikiranya aho muri CAN y’Umwaka wa 2017 yafashije umugwi wa Congo kugarukira mu gice ca 1/4 gishira ica nyuma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871