East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Diamond Platnumz yemeza ko yokwubaka inyubako nka Kigali Arena

Kwubaka ikibanza nka Kigali Arena ngo n’ikintu kitobananira na gato, ivyo n’ibishikirizwa na Diamond Platnumz ngo igikenewe n’ikibanza gusa.

Kuva aho aviriye i Kigali mu giteramo, Diamond Platnumz ngo ico yabonye Urwanda rusumbije ibindi bihugu muri Afrika y’ubuseruko, ngo ni urubuga rushasha ruheruka kwubakwa, “Kigali Arena”.

Ico kibazo Diamond Platnumz avuga cari gikwiye kwubakwa no muri Tanzania naho. Aho akemeza ko yizeye leta ya Tanzania hamwe n’umukuru w’igihugu ko ico kintu bazogikorera aba Tanzania.

Yabajijwe n’abamenyeshamakuru nimba hari ico yoterera mu kwubaka ico kibanza, ubona ko WASAFI yari yarasavye Leta ya Tanzania ikibanza co kwubakwamwo ikibanza c’ibiteramo.

Diamond yishuye ko inzu nkiyo yabonye ngo itomunanira kwubaka, kubwiwe ngo amahera yumvise yubatsweko ngo yoyegeranya mu mwanya muto cane. Ubona ko yanubatswe mu mwanya muto cane.

Mwomenya ko ico kibanza giherereye mu gace kitwa Remera i Kigali, gishobora kwakira abantu batari bake baje mu giteramo, kuraba umupira w’amaboko co kimwe n’amanama.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769