BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Hampande y’abaririmvyi, n’abatwara ibinyamakuru nabo batanguye kuvunira akagohe Tetero

Alain Nova inararibonye mu mwuga w’ukumenyeshamakuru mu gisata c’umuziki ( I Bubamfu), Tetero ( hagati) na Kaburahe Antoine atwara ikinyamakuru Iwacu akaba ari nawe yagitanguje

Tetero yatewe ivyatsi impande zose, haba mu bamenyeshamakuru, abaririmvyi, eka no mu batwara ibinyamakuru bitandukanye. Igituma ni urwandiko yashize ku rubuga rwa Twitter.

Umwana w’umukobwa Tetero aheruka gutsindira imiliyoni 25 z’amafaranga y’amarundi mw’ihiganwa Primusic, ariko aterwa ivyatsi n’abatari bake kubera ibiheruka kwandikwa ku rubuga rwiwe rwa Twitter.

Ku musi wa kabiri kuri urwo rubuga, uwo mwigeme yashimiye abamufashije bose kugira atahukane instinzi, muribo akaba yaranashimiye ibinyamakuru vyamubaye hasi. Muri urwo rwandiko, uwo mwigeme akaba yaciye ashiramwo ko bakorana gusa n’ibinyamakuru bizwi muri CNC.

Abaririmvyi, abamenyeshamakuru, abanyeporitique mbere na bamwe mu batwara ibinyamakuru vyemewe n’uwo murwi wa Reta bakaba batanguye kumuha impanuro.

Muribo harimwo Big Fariouz yamubwiye ko akwiye gukora cane kuko hakiri vyinshi vyo gukora kugira yishire hejuru, kuko ngo we ubwiwe ntaramenyekana, nta kamaro ko gushaka gukorana n’ibizwi gusa.

Sat-b we muri Video yabonetse yerekanye umutima w’ikigongwe ko Tetero yoba yarengewe n’ukumenyekana afise bigatuma atabasha kumenya ico akora n’ico areka.

Si abo gusa kuko mu bamenyeshamakuru twabashije kubona bagize ico bavuga, harimwo Alain Nova asanzwe ari inararibonye muri uwo mwuga mu gisata c’abanyabuhinga n’ubumenyi, aho yaciriye agace uwo mwigeme mu kumucira imigani ibiri gusa.

Muramumbwirira muti :”Akariro gake na Freins kuko ngo “uwutaraburogwa agira ngo yobwituma ” kandi ngo “Inkubisi y’amadasahurwa yayitarukirijeko”.

Kuri urwo rubuga rwa Twitter nyene, uwundi mumenyeshamakuru akomeye, Kaburahe Antoinne asanzwe arongoye ikinyamakuru Iwacu, yamuhanuye kudashira mu mirwi ibinyamakuru, kuko ngo atari akazi kiwe. Igituma ngo nuko kw’isi hari ibinyamakuru vyinshi bitazwi n’uwo murwi wa Reta.

Si ico gusa kuko iyo nararibonye abona ko ugushaka kugiriranira ubucuti n’ibinyamakuru bizwi na CNC gusa, ngo ari ukwiyima akaryo ko gushikira ibinyabinyamakuru vyinshi.

Bamwe bakaba bibaza ko bwoba ari uburyo yatoye bwo kugira abashe kuvurwa cane kuko hari indirimbo yiwe iriko irategurwa. Ariko bamwe mu bakurikiranira hafi umuziki ndundi, bakaba babona ko ico gikorwa coba kitariko kigenda nk’uko bavyipfuza, naho bigoye kwemeza.

Mwomenya ko uwo muririmvyi aho yarahejeje gutsindira izo miliyoni atigeze atandukanya ikinyamakuru kizwi n’ikitazi n’urwo rwego mu kwishura ibibazo vyabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775