homepagekirundikirundi_Sports

Ngando Omar yamaze gusinya muri Al Bachair

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 10 Nyakanga umwaka wa 2019 , niho umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba yafata indege imushikana muri Oman kwumvikana n’umugwi Al Bachair ukina mu cicaro ca mbere muri Oman .

Uyo mukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Ngando Omar akaba yarashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Al Bachair ikiringo c’amezi atandatu (6), akaba ahambije muri uyo mugwi mukuru we Ally Niyonzima yari asanzwe akina mu mugwi Apr Fc mu mwaka uheze.

Mukamenya y’uko Ngando Omar mu mwaka uheze yahora akinira umugwi As Kigali wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871