homepagekirundikirundi_Sports

Tity Mavugo yoba agiye gukinira mu Misiri?

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 05 Gitugutu 2019 niho ku rubuga ngurukanabumenyi bwa Facebook rw’iradio Eagle Sport Time handitswe y’uko ku musi w’Imana ku muhingamo niho umukinyi yahora akinira umugwi wa Aigle noir the Fighters Titi Mavugo yafata indege yerekeza mu gihugu ca Misiri, akaba ariyo agiye gukinira. Umugwi agiyemwo bakazowumenyesha hanyuma.

Inyuma y’iyo nkuru Indundi Sports yashoboye kurondera abari hafi y’uwo mukinyi hamwe n’abasanzwe batanga amakuru y’umugwi Aigle noir yamara ntibashobora kugira ico bashikirizaje kuri iryo genda ry’uyo mukinyi mu Misiri.

Mwomenya ko Titi Mavugo yari umwe mu bakinyi b’abasatirizi umugwi Aigle Noir The Fighter wagenderako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871