homepagekirundikirundi_Sportspromoted

CNC : Umumenyeshamakuru akoze ikosa ashobora guhanwa ku mpande zibiri

Mu gihe umumenyeshamakuru akoze ikosa ashobora guhanwa n’amategeko y’igihugu atandukanye yaba amategeko mpanavyaha canke amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru umukuru w’urwego CNC Nestor Bankumukunzi yaremesheje kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Munyonyo 2019, yamenyesheje ko nawe asanzwe ari umumenyeshamakuru agira ati : «Sindi mu basaba ko abamenyeshamukuru bagize ico bonona ko batokurikiranwa ahubwo twosaba ko habaho itegeko ryo kworohereza abamenyeshamakuru gukora atabwoba».

Bankumukunzi akavuga ko uwukora umwuga wo kumeneyeshamakuru imbere y’ukuba umumenyeshamakuru ari umunyagihugu rero ko atari hejuru y’amateko kubera akazi ajejwe. Akavuga ko CNC atari ikigo cashinzwe kugira kigume cugara ibinyamakuru ko nyabuna kihari kugira gifashe guteza imbere umwuga wo kumenyesha amakuru, kandi ko muri ikigihe CNC yashize imbere kuyaga gusumba guhana.

Aca asaba ibinyamakuru ko vyokora vyisunze amategeko kandi bagakorera mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu atari politike gusa.

Umukuru wa CNC yavuniye akagohe abamenyeshamakuru muri kigihe tugiye kuja mu matora ko icari icaha gisanzwe giheza kigashobora kuba icaha ca gacamutwe muri iki kiringo.

Bankumukuzi agasaba abamenyeshamakuru gutanga inkuru idahengamye kandi impande zose zivugwa mu nkuru zigahabwa ijambo. Akavuga ko ibituma hakorwa inkuru zihengamye ari ubunebwe bwokurondera abavugwa bose mu nkuru, ukutamenyera umwuga no kutamenya kurondera amakuru ahanini bifatiye kukutamenya kuvugisha uwuronderako amakuru.

Avuga ku bamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bane bamaze iminsi 15 bafungiwe mu ntara ya Bubanza, Nestor Bankumukunzi yavuze ko atavyinshi yobivugako kandi mu kigo CNC bataramenya ico barya bamenyeshamakuru bafatiwe aca amenyesha ko nimba bazira umwuga wabo borekurwa bazira ibindi vyaha bobarakoze naho ubutungane bwokora. Aca yibutsa ko abamenyeshamakuru bategerezwa kw’igengesera mu gukurikiraza amategeko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871