homepagekirundikirundi_Sports

Parfait Bizoza ashobora kutaboneka mu rukino rwa Maroc

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2019 isaha imwe z’ijoro 19h00 niho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba washika ku kibuga citiriwe Perezida Melchior Ndadaye kiri i Bujumbura uvuye mu gisagara ca Bangui gukina urukino rwo kurondera itike yo gukurakuranamwo mw’ihiganwa ryo kurondera itike yo kwitabira inkino zanyuma za CAN 2021 zizobera muri Cameroun aho umugwi w’intamba mu rugamba watsinzwe na RCA ibitsindo 2-0.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Munyonyo 2019 isaha zibiri zo mugitondo 8h00 ku kibuga c’intwari, umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba warashoboye gukorayi imyimenyerezo ya mbere.

Umukinyi Parfait Bizoza asanzwe akina mu gihugu ca Norvège mu mugwi wa Raufoss yarerekanye ko ari umukinyi mwiza ku ruhande rwo hagati bivanye n’igihagararo ciwe asanzwe afise naho biruko yahavuye aronka imvune kw’ivi bituma abaganga b’intamba mu rugamba bamuha akaruhuko k’umusi umwe aho ku musi w’ejo igenekerezo rya 17 Munyonyo 2019 atahavuye akora imyimenyerezo kumwe n’abandi kubera ako karuhuko yahawe.

Aganira na Indundi Sports, uyo mukinyi yavuze y’uko ataramenya neza ko azokina urukino rwo ku musi wa kabiri ko bizovana n’ingene azoba yavyutse, akaba yagize ati :

“Ego nakomeretse kuva mu myimenyerezo yo ku musi wa gatandatu ivyatumye bampa akaruhuko k’umusi umwe sindamenya y’uko nzokina mu rukino rwa Maroc vyose bizovana n’ingene nzoba navyutse”.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Munyonyo 2019 niho Staff iyobowe na Olivier Niyungeko Mutombola iza kumenya y’uko izomukinisha canke itazomukinisha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871