footballArsenalhomepageIbiyovyabwengeInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Caleb ati : “gutsinda igitsindo buri urukino nico niyemeje”

Inyuma yo kuva mu bihano yari amaze imisi arimwo yahawe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda FERWAFA kubera ko yarwanye n’umurorerezi w’umugwi Sun rise ivyatumye ahanwa inkino 3 adahonyoza ikirenge mu kibuga, umusatirizi w’Intamba mu rugamba na Rayon Sports Bimenyimana Bon fils Caleb yavuze y’uko gutsinda igitsindo buri urukino akinye arico yiyemeje.

Ivyo akaba yaraye abiganiriye na kimwe mu binyamakuru vyo mu Rwanda aho yari ahejeje gutsinda igitsindo kimwe mu bitsindo bibiri kuri kimwe Rayon Sports yatsinze Amagaju Fc ku musi wa wa Mungu igenekerezo rya 30 Kigarama umwaka wa 2018.

Akaba yagize ati “Narabivuze kuva kera ko ntashobora kuva mu kibuga ntatsinze n’igitsindo na kimwe gutsinda igitsindo buri urukino nico niyemeje kandi nzobishikako kuko mfise indoto yo gutwara igikombe c’umukinyi mwiza yatsinze ibitsindo vyinshi muri iri hihanwa ryo mu mwaka wa 2018 – 2019”.

Bimenyiman Bon Fils Caleb akaba afise ibitsindo 5 mu nkino 6 mw’ihiganwa ryo mu Gihugu c’Urwanda naho yari mubihano vyo kudakina inkino 3 z’ihiganwa ryo mu Rwanda ndetse n’urundi rukimwe rumwe yari yaronsemwo ikarata itukura .

Mukamenya y’uko Bon Fils Caleb mu misi iheze yaronderwa n’imigwi ikomakomeye muri Africa nka Enyimba Fc yo mu gihugu ca Nigeria, Gormahia yo mu gihugu ca Kenya ndetse na TP Mazembe yo muri Repubirika iharanira demokarasi ya Congo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891