homepagekirundikirundi_Sports

Olivier Niyungeko : Agiye gukora ibikora inka mu rukino rwa Maroc

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Munyonyo 2019, umumenyereza w’intamba mu rugamba Olivier Niyungeko ari kumwe na kizigeza w’intamba mu rugamba Fiston Abdoulrazzaq batanze ikiganiro kubanditsi ndetse n’abamenyeshamamuru isaha zitatu zo mugitondo 9h00 ku kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Muri ico kiganiro, umumenyereza w’intamba mu rugamba yatanze yemeye y’uko bazokora ibishoboka vyose kugira batsinde urwo rukino rukomeye ruzoba ruriko rurabahuza na Maroc kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Munyonyo 2019 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari kiri i Bujumbura.

Olivier Niyungeko abajijwe ukuntu yoba azi umugwi wa Maroc yishuye y’uko inkino zose ko zidateguye kumwe kuko ingene bari bateguye urukino rwa Centre Afrique siko bateguye urwa Maroc. Yasubiye yishura kuvyerekeye iyongerezwa ry’abakinyi bashasha mu mugwi nserukira gihugu w’intamba nico bazofasha naco si ikindi n’uko basanze bashobora gukenerwa mu myimenyerezo n’uko kandi bashobora no gutangura mu rukino vyose akaba yabihaye intumbero yo gukomeza umugwi no gushobora gutsinda kuko intamba nizo zizoba zakiriye Maroc.

Olivier Niyungeko akaba yavuze y’uko atari ubwa mbere ahura n’abarabu ari naco gituma yama aha moral abakinyi biwe no kubabwira y’uko vyose bishoboka.

Yasubiye avuga y’uko Uburundi bugifise amahirwe yo gusubira muri CAN agera ku bice 90% bivanye n’inkino asigaje gukina kuko mu nkino zitanu asigaje gukina atsinzemwo zine canke zitatu ashobora gusubira muri CAN kuko azoba akwije amanota 15.

Olivier Niyungeko akaba yashoboye kubazwa ikibazo c’uko azokinisha abakinyi babiri bazanywe bava i Buraya nka Jordi Liongola hamwe na Parfait Bizoza batagaragaye mu kibuga muri Bangui, Niyungeko yishuye y’uko kubabona mu kibuga bivana n’ingene bazoba bariko barakora mu kibuga kuko ushobora gutumako umukinyi mugabo uraba ingene ariko arakora nivyo wamusavye gukora ni bashasha kandi baracari bato kubazana honyene ni kugira bamenyere murabona y’uko ari abakinyi baje ubwa mbere muri Africa hari ibintu vyo kumenyera bitegerezwa kuba uravye ku myaka yabo batanguye kumenyera bakiri bato si ukuvuga y’uko twamuzanye ko atangura kuja mu kibuga ubwo nyene kubabona mu kibuga ku musi w’ejo birashoboka. Atari imvune bafise abanganga baza kubakurikirana nayo ubundi bari ngaha kandi twabazanye tubonako tubakeneye.

Mukamenya y’uko Parfait Bizoza yari afise imvune yatumye adakora imyimenyerezo yo kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 17 Munyonyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871