Burundihomepageintamba murugambakirundikirundi_Sports

Aba nibo bakinyi b’intamba bakina hanze batatumweko mu nkino za CECAFA

Mugihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryaraye rishize ahabona Urutonde rw’abakinyi 29 b’intamba mu rugamba bagiye kwitegurira inkino za Cecafa Challenge Cup zigiye kubera mu Buganda mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama 2019, muri urwo rutonde rw’abo bakinyi 29 harabonetsemwo abakinyi babiri gusa basanzwe bakina hanze y’igihugu aribo Muryango Moussa Kina muri Tanzania mu Mugwi Lipuli Fc hamwe n’umunyegori Mutombo Fabien akina mu Buganda mu Mugwi Vipers mugihe muri iryo higanwa rya CECAFA Challenge Cup biremewe gukinisha umukinyi akina hanze y’igihugu bamwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba bakina muri kano karere ka CECAFA ntibagaragaye kuri urwo rutonde.

Indundi Sports ikaba yarashoboye kwegera abatwara ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB kugira batange impamvu yoba yatumye abandi bakinyi bakina muri kano karere badahamagarwa bose mugihe hari izindi nguvu bokwengereza bakaba batwishuye y’uko rurya rutonde atari urutonde nyezina “Provisoire” umwanya n’umwanya bashobora kwongereza abandi bakina hanze y’igihugu aho twovuga nk’abakina mu Rwanda, Tanzania, Kenya hamwe na Uganda.

Uru nirwo rutonde rw’abakinyi b’intamba mu rugamba bakina muri kano karere ka CECAFA :

1)Ndikumana Justin ( Bandari Fc Kenya )

2)Mutombo Fabien ( Vipers Uganda) uyu we yahamagawe

3)Muryango Moussa ( Lipuli Fc ) yahamagawe

4)Ndikumana Tresor ( Ac Leopard Kenya )

5)Barenge Pistis ( Mbarara Fc Uganda )

6)Moussa Omar (Police Fc Rwanda)

7)Moustapha Francis Njali (Bugesera Fc Rwanda)

8)Duhayindayi Gael (Mukura Vs Rwanda)

9)Ndikumana yussuf lule (KMC Tanzania)

10)Mvuyekure Emanuel (Azam Fc Tanzania)

11)Nahimana Jonathan (KMC Tanzania)

Hari abandi bakinyi batatu bamaze imisi bari mu karuhuko hano iwacu nabo babagiriye icizere bagahamagarwa bogira ico bafashije nabo ni Kanakimana Bienvenue akina muri USA hamwe na Ndaye Chancel akina muri Republic Tchèque tutibagiye na Mavugo Laudit akina muri Zambia mu mugwi Napsa Star nawe amaze imisi ari ngaha mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891