Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Masterland yagarutse ku kuryamana n’abakobwa bakorana ama video bibavurwako

Masterland yishuye ku busambanyi bubavurwako, bakabukorana n’abakobwa baba bakoranye nabo nk’aba Video Queen.

Masterland yagarutse ku bivurwa ko abaririmvyi baryamana n’abakobwa baba bakoresheje mu ndirimbo zabo. Ntavyemeza, ariko avuga ko harimwo n’abo bishika bagakundana, kuko urukundo ata wumenya iyo rufatira.

Mu kiganiro na Bujahit, Masterland yavuze ko ivyo vyagirizwa abaririmvyi we bitaramubako, kuko we yubaha akazi kiwe cane. Ariko kandi anavuga ko ata kamaro kuko abo bigeme baba baronse agafaranga kabo.

Masterland yanavuze ko binashitse bakanagendana n’abo baba bakoresheje ngo ata kosa ririmwo, nubundi yongera kandi guhakana ko atarabasha gukundana n’umwigeme bakoranye mu ndirimbo.

Intandaro yari indirimbo Teamo ya Mireille yafashijwe na Masterland aho bamubaza uwo mwigeme iyo yamukuye, ariko atanga umuco ko ari Mireille yamurondeye biciye kuri Spok’s. Masterland akizera ko ako karirimbo kazomufasha gushika kure, niyashiramwo inguvu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769