Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Urutonde rw’abigeme b’abaririmvyi babuze mu muziki bari babizi cane

Ibihe uko bigenda bibisikanya haraza haribonekeza zimwe mu mpano z’abigeme mu kuririmba ariko batigera bamara igihe kinini nk’ayandi mazina dusanzwe tubona amara igihe kinini muri uru rugendo rw’umuziki nk’abahungu.

Uko ibihe biza haraza amazina mashasha ariko ntateba kugenda amazima yongo naho haba hariho ayamaze igihe ariko nayo atigera aboneka cane nk’uko biba bikenewe canke nk’uko baba bipfuzwa n’abakunzi b’ibikorwa vyabo.

Iyo havuzwe amwe mu mazina yarafise ikibanza gikomeye kandi gishimishije hano mu muziki w’Uburundi ntiwosiga kure ano mazina akurikira :

Ashley Diva
Miss Nono
Olga Lorie
Alice Keza
Alida
Samantha
Lacia Bad Gyal
Gladys Eglisias

Biratangaje cane ukuntu hari amazina menshi kandi yarafise ibihagararo biremereye ariko yagiye aragenda asokora umwe umwe mw’ibanga usivye ko hari amwe mu mazina yagiye aramenyesha ko ahagaritse umuziki usanzwe abenshi bita uwisi bakemeza ko bagiye gukora indirimbo zihayagiza IMANA izo benshi bita GOSPEL.
Aho twovuga nk’umukenyezi azwi kw’izina rya Alida yarasanzwe ari umu Juge mw’ihiganwa PRIMUSIC yamenyekanye cane ku ndirimbo zigiye zitandukanye harimwo nka Stay with me ari kumwe na Sat-b n’izindi zitandukanye udasize inyuma ko yanakoranye na Big Fizzo. Ariko nawe naho vyavuzwe cane na we nyene akavyemeza ko agiye gukora Gospel kuva ico gihe atigeze yumvikana na rimwe abenshi bakagira bati : “Ivyarivyo vyose mu muziki w’Uburundi hari amashetani yirukana abaririmvyi b’abigeme atuma n’abahari batigera bakorana ishaka”.

Naho bimeze uko ntaworeka gutera intege bamwe mu bigeme ubona ko bariko baragerageza kuza gukunda canke gufatanya n’abaririmvyi b’igitsinagabo mu guteza imbere umuziki w’Uburundi udasize inyuma n’uko habamwo abasohoka igihugu mu kwagura akarere k’Umuziki wabo n’uw’igihugu muri rusangi
aho twovuga n’abaririmvyi kazi nka : Natacha, Esther Nish, Miss Erica n’abandi.
Tukabandanya tunatera intege kandi tunaha ikaze bamwe mubandi ubona ko bariko baraza neza aho twovuga nka : Belle9ice, TETERO Laurette,…

Umuziki w’Uburundi urakeneye uguter’imbere ariko mur’iryo terambere ntitwosiga inyuma igitsina kobwa canke igitsina gore kuko burya iterambere n’irya bose. Tunabandanya mu gukangurira amwe mu mazina yari yaje neza ndetse nayamyeho kuva kera ariko agenda azimangana bukebuke udasize nk’umwigeme azwi cane ku ndirimbo nyishi ari ama Collaborations nawe s’uwundi ni umwigeme afise ijwi ridasanzwe ariwe Channy Queen

Urwo rutonde rw’amwe mu mazina yazimanganye yarafise ikibanza gikomeye mu muziki w’Uburundi rusohotse rurimwo abo bivanye n’uko ari amazina yagiye arumvikana cane ko ari amwe mu mazina yagiye aragaruka ku masamirizi atandukanye na cane cane mu biganiro bishikiriza iterambere r’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769