africa newsEast Africa Newshomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Neymar ashobora kuja i Kigali Vuba

Yaba Neymar , Mbappe canke uwundi uwariwe wese wo muri uwo murwi, harimwo bamwe bagiye kuboneka I Kigali mu misi iza.

Guhera kuri uyu wa 3 igenekerezo rya 4 kigarama, umurwi w’abahungu wa PSG, watanguye kwambara impuzu zo kwomenyerezana zanditseko “Visit Rwanda”, izindi zizoba zanditseko iryo jambo n’izo bambara imbere yuko binjira mu kibuga.

Nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo Ku mugabane wa buraya abishikiriza, Umurwi wa PSG w’abakobwa nawo uzokwama ukina wambaye impuzu zanditseko Visit Rwanda nkuko biri kuri Arsenal.

Ayo masezerano yashizweko umukono akaba azomara imyaka 3, akaba aje akurikira ayo Urwanda rwaheruka gushirako umukono nka Arsenal, mu mwaka wa 2018, nayo azomara imyaka 3 nyene.

Muri ayo masezerano, abo bakinyi bakaba bazotegerezwa gutemberera ico gihugu, noneho bagasangiza ababakurikirana ku mbuga ngurukanabumenyi ivyo babayemwo muri izo ngendo.

Uwo murwi kandi amakuru akavuga ko uzoshinga ishure ry’umupira w’amaguru I Kigali, nkuko wabikoze mu bihugu nka Maroc na Egypte.

Icayi n’ikawa vy’urwanda bikaba kandi bigiye kuza biranyobwa n’abakunzi b’uwo murwi Ku kibuga c’uwo murwi kiri I Paris mu bufaransa.

Gushika ubu ntiharamenyekana igiciro nyakuri c’amafaranga yahawe uwo murwi, ariko bikavurwa ko Urwanda ruzohora rutanga buri mwaka € 10,000,000 angana n’28,500,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu. Aho ni mu gihe mu mwaka uheze vyavurwa ko bemeranije na Arsenal ayababa 85,500,000,000 ya hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871