homepagekirundikirundi_Sports

CECAFA Challenge Cup 2019 : Intamba zaraye zisubiye gutsindwa na Eritrea

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 09 Kigarama 2019, umugwi w’intamba mu rugamba wasubiye gukina urukino rwayo rwa kabiri rwo mw’itsinda A n’umugwi wa Eritrea mw’iganwa rya CECAFA Challenge Cup iriko ibera mu Buganda, urwo rukino rukaba rwarangiye intamba mu rugamba zitsinzwe igitsindo 1-0 n’umugwi wa Eritrea.

Urwo rukaba ari urukino rwa kabiri intamba mu rugamba zaraye zitakaje inyuma yo gutsindwa n’Ubuganda ku musi wa gatandatu uheze.

Ukutamenyera amahiganwa ya CECAFA Challenge Cup ku bakinyi bacu bakina muri Primus ligue nivyo biriko bibonekera mu nkino bariko barakina gushika aho batsindwa na Eritrea iri inyuma y’Uburundi ku rutonde rwa FIFA.

Mukamenya y’uko kuva aho Uburundi buviriye muri CAN 2019 ko ata mugwi n’umwe buratsinda no kuronka amanota atatu vyabaye ikibazo mu nkino mpuzamakungu.

Intamba mu rugamba zikaba zisigaje inkino zibiri muri iryo higanwa rya CECAFA Challenge Cup zikaba zisigaje guhura na Somalia hamwe na Djibouti yamara n’aho yozitsinda biracagoranye y’uko tworengana mu gice gikurikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871