Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Ng’iyi collabo ishobora guhuza Mista Champagne na Sat-B

Biratangaje cane hano iwacu kubona umuririmvyi afise ubucuti n’umuririmvyi akomeye wa kera Big Fizzo akongera akagira ubwo bucuti budasanzwe n’umuririmvyi abenshi bita umwami w’uru runganwe rushasha ariwe Sat-B.

Inyuma yaho umuririmvyi Sat-B asavye umurwi canke abakunzi biwe aribo bazwi cane nja Team Satura gushigikira Mista Champagne na cane cane ku ndirimbo yiwe KISS Me haragiye haraboneka ubucuti budasanzwe kuri abo bakunzi ba Sat-B n’umuririmvyi Champagne aho hagiye haraboneka uwo muririmvyi nyene Champagne ashigikira ibikorwa Sat-B yariko akorera mugihugu ca Tanzaniya.

Inyuma y’urugendo rwa Sat-B ava mur’ico gihugu ca Tanzaniya, inyuma y’ihuriro ry’abanditsi n’abamenyeshamakuru harabonetse umuririmvyi Mista Champagne aza mukibanza cari cahuriwemwo n’uwo muririmvyi cokimwe n’abamenyeshamakuru asa nuwaje gukeza mugenziwe.

Azananye na Dj Pro we yarasanzwe yamanye na Sat-B mur’iryo huriro ni Mista Champagne ahashitse vyatangaje abenshi bari mur’ico kibanza kuko yaguye munda Sat-B bayambirana nk’abantu babanye kera ariko batari baheruka kubonana😁
Ubucuti bwabo baririmvyi babiri ntibwigeze buherera aho kuko vyagumye biboneka cane mugushigikirana haba kugikorwa kindi cakurikiye haba kuruhande rwa Sat-B ndetse no kuruhande rwa Champagne ku ndirimbo yiwe ikiri nshasha ariyo Chechebele.

Mw’ihuriro ry’abanditsi n’abamenyeshamakuru ryari ryateguwe na Empire Avenue risanzwe rirongowe n’uwo muririmvyi nyene Sat-B harabonetse abaririmvyi babiri bari baje gushigikira ico gikorwa aho hari Alvin
Smith co kimwe na Mista Champagne, aho bari abaririmvyi ubona yuko bashigikiye iciyumviro cogukoranya abaririmvyi bakanavuga ubwabo ko urukundo no gushaka iterambere ku muziki ndundi arivyo vyabateye gushika mur’ico kibanza.

Barikumwe bafatanye mu bitugu bompi babiri, ni Sat-B na Mista Champagne, umwe mu bamenyeshamakuru baraho yababwiye ati:
“Vyoryoha mukoranye igikorwa, kuko urukundo mufise mur’iyi misi ntirusanzwe”
Nabo ubona ko batatevye kumwishurira hamwe bagira bati :

“Vuba cane turakora indirimbo imeze neza, Sat-b: Lakini Mimi napenda sana ile ngoma ya Chechebele”, bisigura mu rurimi kavukire ko akunda indirimbo Chechebele.
Nkuko ataguteba kwahabaye kur’uyu wa 17/12/2019 habonetse isanamu yerekana abo bompi bari muri Studio basa n’abariko baratunganya ico bemeye.

Aho tworangiza tunababwira ko vyamaze kumenyekana ko indirimbo igiye kuza vuba cane ari Mista Champagne ft Sat-B.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769