homepagekirundikirundi_Sports

Umurundi yamenyereza Kiyovu Sports yatanze imihoho

Umumenyereza w’umurundi Mugunga Dieudonné Burchaga yahagaritse amasezerano yo kumenyereza umugwi Kiyovu Sports.

Uyo mumenyereza w’umurundi akaba yahagaritse amasezerano n’umugwi Kiyovu Sports ukina mu cicaro ca mbere mu Rwanda inyuma y’ukubura amanota atatu mu nkino zine yikurikiranya.

Akaba yasezeye abarongozi b’umugwi Kiyovu Sports nyuma yo gutsindwa na Police Fc imenyerezwa n’uwundi murundi Haringingo Francis Mbaya ibitsindo 3-1.

Uburongozi bw’umugwi wa Kiyovu Sports bukaba bwashimye ukuntu bwabanye n’uyo mumenyereza bumusaba y’uko yobafasha mu kubagurira abakinyi (Recrutement)

Umugwi Kiyovu Sports Fc muri kino gihe ukaba usanzwe umenyerezwa n’uwitwa Ruremesha, gushika ubu ukaba uri mu kibanza ca gatandatu n’amanota 19, ukaba umaze gutsinda inkino 5 unganya 4 utsindwa 5.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871