East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Abantu ntibabona kumwe impanuro za Meddy ku banywi b’inzoga

Ukuba Meddy ariwe yahawe umwanya  ngo ahanure abanywa inzoga kuzirinda mu gihe batwara imodoka, abantu ntibabibona kumwe.

Ngabo Medard ngo siwe yarakwiye gutorwa nka Brand Ambassador, ivyo n’ibishikirizwa na bamwe mu baheruka kubona Meddy ashizwe imbere ngo akangurire abantu kutanywa mu gihe baza gutwara imodoka.

Ku rubuga rwa Facebook rw’ishirahamwe ryo guhanahana amakuru ryo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, Airtel, haheruka kuboneka Video ya Meddy ahanura abantu kwirinda ibiboreza mu gihe bazi ko baza gutwara imodoka.

Ivyo n’inyuma yaho mu misi iheze nawe yafatiwe muri iryo kosa, aho yamaze imisi 5 apfunzwe akanatanga ihadabu ringana n’ibihumbi ijana na mirongo itanu ry’amanyarwanda (150,000Frw) yababa 450,000 Fbu.

Ariko naho bamwe babibona uko, abandi bo babona ko uwo muririmvyi ariwe ahubwo yarabikwiriye kuko yamaze kubicamwo, ngo niwe yarakwiye kuba muri ico kibanza kugira avuge ivyo azi.

Abatwenga bo ntibabuze, kuko hari n’abamutwenze mu kuvuga ko ukwo gupfungwa kwiwe ico gihe kwoba kwari ukugira ngo aze ahabwe ico kibanza ca Brand Ambassador wico gikorwa.

Mwomenya kandi ko uwo muririmvyi ataco yigeze ashima gushikiriza gikomeye ku bijanye n’ico gihe yamaze mw’ibohero i Kigali azira kuba yanyoye inzoga hama agatwara imodoka kandi bisanzwe bibujijwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769