BurundiEntertainmentGospelkirundimusicmuzik na wasani

Abaririmvyi ntibubashwe kubera badatunze kubwa Prince Mshindi

Prince Mshindi ngo impamvu abaririmvyi batubashwe mu gihugu s’uko baririmba, ahubwo ngo nuko hari ibintu badashoboye gukorera imiryango yabo. Ivyo n’ivyo aheruka kuvuga mu kiganiro n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi akaba n’umu Rappeur akomeye hano iwacu, yavuze ko we asanzwe afise ibindi bikorwa asanzwe akora mu buzima bwa misi yose. Ngo ikimutunze si umuziki, kandi si nawo yatanguye gukora, ariko ngo waje mu nyuma.

Muri ivyo bimutunze yavuzemwo gukora amasanamu, akoreye mu ruganda “Company” rwiwe yashinze haraheze igihe, IGICAPO. Ivyo bikorwa ngo nivyo bimutuma abasha kubaho ubuzima bwa misi yose nkuko yabandanije abiyagira Siren Vibe Tv.

Uwo muririmvyi nyene muri ico kiganiro akaba yanagarutse avuga ko abaririmvyi iyaba bari bafise amafaranga, bakabasha gukora ibikene ku miryango yabo, ngo abo baririmvyi akazi kabo kaba kubashwe gusumba.

Uwo muririmvyi akaba yanaboneyeho akaryo ko kubwira abandi baririmvyi bagenziwe kureka amasoni, bakava muco yise ama Showbiz, ahubwo bagatangura gukora. Kuko kubwiwe ngo ufise amafaranga yawe, ivyo abantu bavuga ngo ntaco biba bivuze.

Mshindi yayiciye umurya avuga ko abaririmvyi benshi bariko barakura, rero ngo mu misi ya vuba nibarongora bakanavyara, ngo bizoba bigoye cane ko umwana n’umugore umubwira umuziki , utariko umwereka ico wazaniye umuryango.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ari mu baririmvyi baririmba indirimbo za Gospel ziririmbwe mu midiho igezweho, iyo abakiri bato bakunda cane. Ivyo bikaba bidahurizwako na bose kuko ngo iyo midiho itari ikwiye kuririmbwamwo indirimbo z’Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 588