BurundiDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Ado Josan avuga ko abakunzi bokwitega collabo n’ibihangange

Indirimbo ya Ado Josan na Jose Chameleon ngo naho yatevye ariko izotinda isohoka, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Ado ubwiwe mu kiyago yagiranye na Indundi Tv kuri Micro ya Alan the Real.

Muri ico kiganniro uwo muririmvyi avuga ko iyo ndirimbo yahuye n’ibibazo bitari bike birimwo uguhinduka kwa Management ya Chameleon, ukuburana hagati yiwe n’uwo bakoranye n’ibindi vyinshi, ariko ngo ariko abandanya gukora ibishoboka kugira uwo muziki uzoshirwe ahabona ufise akanovera. Ako kanovera akakizera kubera we n’abahinyanyuzi bakora badahengeshanya kugira bagume baryohora uwo muziki wakozwe mu mwaka wa 2017.

Josan yanagarutse ku ndirimbo ishobora gukorwa hagati yiwe na Big Fizzo aho avuga ko yemerewe n’ico gihangange indirimbo ariko itarakorwa. Ado avuga ko gukorana na Big Fizzo ari iteka kuko amukunda kandi amwemera, kanatsinda ngo ni nawe yatumye afata ingingo yo kuza gukorera ibikorwa hano mu Burundi.

Ado Josan akaba yaramaze imisi asa n’uwuri mu gacerere aho yavuze ko imvo nyezina ari ukugira barabe be n’uburongozi bwiwe (Management) uburyo botera intambwe yindi ntibagume batambukira hahandi nyene.

Mwomenya ko Ado Josan asanzwe abarizwa ku mugabane wa Buraya mu gihugu ca Finland, ariko buri mwaka co kimwe n’abandi baririmvyi batandukanye b’abarundi basanzwe bisumamwo mu mahanga basimbira mu Burundi kugira babashe kuhakorera ibikorwa vy’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 803