East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Alikiba buca aza gukorera igiteramo I Bujumbura

Uko abarundi bakumbuye Alikiba, ngo Niko nawe abakumbuye. Naho agize igihe mu gacerere ngo agiye kukavamwo, anahakorere igiteramo.

Uburundi ngo ni bwitege Alikiba, naho amaze igihe mu gacerere. Umuzo wiwe ngo azoba azaniye abarundi ikinyobwa ciwe yise Mofaya bakiriko barahinyanyurira Uburundi.

Mu kiyago na mushikiwacu Fanny, Alikiba yashikirije ko ari mu gacerere kubera muri kino gihe ari mu rudandazwa gusumba kuba umuririmvyi.

Ikindi camuteye kuja mu gacerere ngo nuko yanse kugongana n’umurwi wa Kings Music asanzwe afashe mu mugongo. Yashimye kubanza kwihangana ngo abo nabo babanze bagire aho bashitse muri uwo muziki.

Alikiba avuga ko akumbuye Uburundi, ngo Imana ibikunze azokorera igiteramo I Bujumbura arikumwe na Kings Music. Ico gihe ngo bazoba baramutse bashira ahabona hano iwacu ikinyobwa ca ciwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769