BurundiDiasporadiaspora musicEntertainmenthomepagekirundimusic

Ata gihindutse Babbi arashira ahabona EP y’indirimbo 5

Harageze ko nkora EP yanje kubera urugezo umuziki wanje ugezeko. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Babbi mu kiganiro yagiranye na Indundi Magazine.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi avuga ko iyo EP yiwe izoba igizwe n’indirimbo 5, zizoba zikomeye cane kubera abahinyanyuzi bazikoze batandukanye kandi bakomeye. Aho akavuga kandi ko izo ndirimbo zacaguwe mu zindi kubera zikora ku mice itandukanye.

Iyo EP nkuko yabituyagiye avuga ko izosohoka muri uku kwa 3. Kubwiwe ngo n’igihe ciza kuko hari haheze imisi ishika ku 60, nukuvuga amezi 2, asohoye indirimbo yiwe ya nyuma. Abantu rero ngo bayitegane igishika.

Abajijwe nimba hari amasanamu zizosohokana, avuga ko yavyipfuza cane, ariko ngo muri kino gihe ico yipfuza gusumba ngo n’ukubanza kwanza gushira  ahabona Audio gusa kugira bikunde ko izo ndirimbo zishirwa ku mbuga ngurukukanabumenyi zigurisha umuziki nka Amazon, Spotify n’izindi.

Mwomenya ko abarenga ibihumbi 100 aribo bamaze kuraba amasanamu y’indirimbo yiwe yakoranye na BM, iyo ikaba yasohotse haraheze amezi nk’6, iyo kandi ngo akaba akiriko ayimenyekanisha nkuko yabandanije abituyagira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 763