BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

MB Data mu migani aremeza ko afise igiteramo muri Canada

Hoba hari igiteramo c’umuririmvyi Mb Data muri Canada vuba? Uwo muririmvyi aheruka gutanga umuco mu kiyago yagiranye na Indundi Tv, kuri Micro ya Alan.

Muri ico kiganiro, Alan n’umutumire bagarutse ku bintu vyinshi birimwo indirimbo aheruka gukorana na Terero, ibihuha ko boba baravanye na M.A Production n’ibindi vyinshi.

Kimwe muvyo babashije kuyagako n’igiteramo bivurwa ko coba kiriko gitegurirwa uwo muririmvyi muri Canada, nkuko biriko bivurwa hirya no hino. Uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko atobibeshuza canke ngo avyemeze kuko ako ari akazi ka Management yiwe.

Uwo muririmvyi yanavuze kandi ko mu gihe bitanguye kunuganurwa ngo bishobora kuba bigira bibe, kuko kubwiwe ngo batanguye kubivuga uko, we abifata nk’ubuhanuzi agaca avyemera.

Uwo muririmvyi abarizwa musi y’uburongozi bwa MA, anasaba abantu ko bokwihangana bakarindira igihe cavyo ko kigera, ngo nicagera nta nkeka muzobona ko kwari ukuri canke bwari ububeshi.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe ari mu baririmvyi bariko bifata neza mu muziki ndundi muri kino gihe. Uwo kandi akaba ari nawe vyavuzwe akatari gake ko asa n’uwasubiye mu kibanza Yoya Jamal yarimwo akiri mu gihugu ciwe c’amavukiro.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760