Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

B-Face : “Ibibazo” iriho kandi izokwamaho n’amazina n’arya nyene kuko ni Season

Inyuma y’igihe umwana akiri muto M Nif Jimbo akoze indirimbo yise King B-Face aho ari indirimbo ihayagiza izina ndetse n’ibikorwa vy’umuririmvyi B-Face On The Flow harabonetse ikintu ubona ko cashimishije abantu benshi canke abasanzwe bakurikirana ibikorwa vya B-Face aho yashoboye kwuriza ubwa mbere uwo mwana akiri muto haba mu myaka ndetse no mu muziki akamwerekana imbere y’isinzi ry’abantu bari bahuriye mu kibanza gisanzwe cakira abantu baje kunezerwa ndetse kikanaberamwo ibiteramo arico Safi Beach aho hariko harabera igiteramo citiriwe “Hindukira” cari categuwe na B-Face ubwiwe arikumwe na Natacha umuririmvyi w’umurundikazi ariko avyifatamwo neza muri kino gihe.

Abicishije kuri micro ya Indundi TV ni B-Face yagize ati :

“M Nif Jimbo ni umwana yankozeko cane ku kuntu yiyumviriye gukora ikintu atari buri muntu yogishobora akaririmba izina ry’uwundi muririmvyi mugihe hari hariho sujet nyinshi zo kuririmba agahitamwo izina B-Face vyaranyubatse cane mu mutima bituma numva nokora ikintu comunezera,

Twarakoze indirimbo IBIBAZO tuyikorana n’urundi rwaruka abana bakiri bato kandi ubona ko bafise impano banashobora gukora Rap neza nkuko vyumvikanye mundirimbo twakoranye. Uko namenyanye nabo biratandukanye cane n’uko namenyanye na M Nif kuko bo ari bamwe mubahora banyandikira bakansaba ko nobashigikira nkabereka Support nka mukuru wabo mu muziki ariko munyuma nza gusanga bafise impano zidasanzwe.”

Ni B-Face abajijwe ko hari umugambi afise kuri urwo rwaruka rundi yagize ati:

“Ibikorwa bizohaba kandi nkuko nipfuza iterambere; egome si label canke management ariko ibikorwa birabandanya nkuko nababwiye bonyene ubwabo ko nibankenera canke umwe murabo agashaka ko ijwi ryanje rija mu ndirimbo yiwe ndahari kugira tugume dutezana imbere rero nukuvuga ko ibikorwa bikibandanya kuko n’indirimbo IBIBAZO ari indirimbo izokwamaho kandi izokwama ifise ikindi gice (Episode) kuko ari ama season nkuko IBIBAZO vyamaho ariko kandi mukazoguma mwumvamwo abaririmvyi babandi nyene baririmba mu yambere kiretse hari uwundi nongeyemwo.”

Ayo ni amwe mu majambo ashikirije mugihe yidogera abafashe ingingo yo kwugara indirimbo yiwe yise HINDUKIRA ari kumwe na Natacha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769