BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

B Kobra : «Ndi ca gikoko kitigera kinanirwa kandi kidatinya »

Imyaka ni myinshi cane haboneka impano zigiye zitandukanye hano mumuziki wa 257 ariko hakama hariho ugutakara ntihamenyekane ivyo bagiyemwo inyuma yo guheba uwo muziki, ntihamenyekane ko bawuhevye canke bafashe izindi nzira.

Ntamwanya munini urahera haherutse kuboneka impano itangaje mu muziki w’Uburundi na cane cane mumudiho wa RAP umukobwa avuga ko we ategerezwa kuza kandi atagisubiye inyuma inkomezi n’ubukerebutsi nivyo bigiye kumuranga muri runo rugendo rwiwe rushasha agiye gutangura.

B Kobra we agira ati:  ‘’Ngitangura kuririmba Mama niwe yanshigikira kuko twaba turikumwe na mukuru wanje ariko Data we yanyamirira kure akambuza akama ambaza nimba yantumye kwiga canke kuririmba, ariko ivyo vyose ntivyigeze binca intege kuko narimfise intumbero yaho nipfuza gushika nico nshaka gushikako. Ariko munyuma ndonse amahigwe yo kwinjira muri Studio naratangaye cane numvise Data indirimbo ivuga iyo bamuhamagaye kuri Terefone ngendanwa ari ya ndirimbo yanje, mugabo nkagira ubwoba bwogucira ngo mvuge ko ari iyanje.
Munyuma abonye amasanamu y’indirimbo yanje igira kabiri abona nijewe yumva na ryajwi yumva muri yayindi niho guca ambaza nti ati : ‘’KUMBE NIWEWE?”

Kuva uyo munsi nahise mfata icemezo kuko ngo uwuhagarikiwe n’ingwe aravoma.

Mumuziki ndi hano nitwa B Kobra bisigura BURUNDIAN KOBRA
ntampavu y’uko haba ibibazo vy’izina kuko impamvu nuko nzi igikoko KOBRA kitigera kinanirwa kandi ari igikoko kidatinya rero nanje urugendo nafashe rusaba ko atagucika intege kandi atagutinya ikintu na kimwe canke ngo udebukirwe ico nipfuza nukuza nkaba mubandi ahubwo abigeme bakaza tugakora kuko turafise impano zive aho zinyegeje zize dukore.

B Kobra tworangiza tubibutsa ko ari umwana akiri muto w’imyaka cumi n’indwi akaba afise indirimbo zibiri imwe, iyambere yitwa NAANZA (Audio) na NISOME (Audio, Video) akaba asaba ko Abamenyeshamakuru bose boza bagashigikira Abaririmvyi babigeme kugira ngo na bamwe bafise izo mpano babone ko baje bazoshigikirwa atagutinya kurimwo maze natwe tukiga gukunda ivyacu n’abacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775