Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

B Kora we ngo umuhinyanyuzi nta majambo canke amarira amushira we ngo ni Cash


Igihe kitari kinini nico uyu mwana w’umwigeme amaze mu muziki, ariko ku ndirimbo zitarenga zitatu ariko arerekana ubushobozi butari bumenyerewe mu muziki w’Uburundi na cane cane kubigeme.

Abicishije mukiganiro yakoranye na Indundi Tv ni B Kobra yishuye ku kibazo c’uko abigeme boba basabwa amananiza n’abahinyanyuzi mu kubemerera kubakorera indirimbo,
Akoresheje amajambo magufi ni B Kobra yagize ati:

Ivyo bivugwa nanje mpora ndavyumva ariko muvyukuri, vyose biva kukubura amafaranga ariko jewe sinokwemeza ngo biramaze kumbako canke ngo ndamaze guhura n’uwunsaba ayo mananiza (kuryamana) kuko iyo ngiye muri Studio umuhinyanyuzi ntabintu vyinshi bitandukanye n’akazi tuganira, ahubwo mukworosha ibintu ndaza nitunganije nkaba nzi ko ndamuzaniye amafaranga kandi ko agomba kunkorera ibikwiranye n’amafaranga nazanye.

B Kobra aho yashikirije ayo majambo mugihe yari umutumire wacu Kuri Indundi Tv aho yaraje aje kutuyagira intumbero yo gusohora indirimbo No Stop.
Ikiganiro kigiye kuja ahabona vuba kuri YouTube channel ya Indundi Tv

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769