Entertainmenthomepagekirundimusicmuzik na wasani

Bain Turo na Nice Sky bakoze ibara

Mu gihe Empire Avenue bisa nkuko yigaruriye imbuga nkoranyambaga na cane cane urubuga rwa Facebook aho nyuma yaho Sat-B amaze iminsi ateye impari kubijanye n’ivyabaye muri Flambeau de la paix i Gitega, Bain Turo amaze iminsi abikora neza mu muziki ndundi yatangaje aba fans biwe ubwo hasohoka vidéo y’urukozasoni yiwe n’umwigeme Nice Sky asanzwe azwi nk’umu vidéo vixen.

Agashavu ni kose ku bakunzi b’umuziki ndundi kuva aho baboneye iyo vidéo.
Bamwe bagira bati:” Bain Turo twamwemera cane, ivyo ntavyo twari tumwitezeko,nimba yashaka Buzz yavyifashemwo nabi cane kuko ivyo bishobora kuzana intambamyi ikomeye cane k’umuziki akora kuko ariko yiha ishusho mbi kubasanzwe bakunda bakanashigikira umuziki wiwe.”

Abandi ngo :”kuba vyakozwe n’umuririmvyi aturuka muri Empire Avenue ntibitangaje kuko na Sat-B yigeze guhishura ko imwe mu mvo zatumye akora umuziki yari ugushaka gushimwa n’abigeme,iyo ngeso reo ngo irasanzwe ku bahurikiye muri iyo Label.'”

Abavuga kuri Nice Sky bo ngo ntagitangaje kirimwo kuberako atari ubwa mbere uwo mwigeme avugwako ingeso y’ubusambanyi b’abaririmvyi nubwo yamye abihakana ubu hoho bigiye ahabona.

Hari n’abandi badaba ko Amical Des Musiciens yogira ico ibivuzeko ,ikanafatira ibihano Bain Turo na Nice Sky kuko bateje urubwa abahurikiye muri +257 Music Industry kuko n’akare umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769