DiasporaDiaspora Organizationsdiaspora promotedkirundikirundi_SportsSport

#BDA| Abatera akaguma muri Diaspora ya Australia barabahagurukiye

Uburongozi bw’infatakibanza muri Diaspora ya Australia ngo bwaraburabujwe cane na bamwe mu bataye umurongo muri Diaspora ya Australia(BDA).

Uburongozi bw’imfatakibanza muri Diaspora ya Australia ngo bwaraburabujwe cane na bamwe mu bataye umurongo muri Diaspora ya Australia(BDA).

Nk’uko bishikirizwa na Jean Pierre Niyibaruta arongoye vy’imfatakibanza BDA ,akarwi karongowe n’umushingantahe Peter Taratara kagizwe n’abo bafadikanije ikinyoma kigamije gusambura ishirahamwe ku nyungu zabo ngo ntako badakora ijoro n’umurango mu gutyoza indongozi za BDA no kwigisha inyigisho zitubaka.

Jean Pierre mw’itangazo yashize ahabona mu ntango za Ruhuhuma amenyesha ko Taratara ubu atakibarizwa muri Australia ariwe arongoye ubwo bugizi bwa nabi bugamije kuburabuza ibikorwa vyo gufasha ba ntahonikora, kandi amaze n’imyaka myinshi adaterera BDA, akaba yarananiwe no kurongora iryo shirahamwe, ubu akaba ariko akora ivyo kugira bikunde amenyekane azokwitoreze kurongora Diaspora ku rwego rw’isi mu matora yimirije mu kwezi kw’indwi i Bujumbura.

Ngo nubwo biri uko BDA iracahagaze ndetse ikaba iriko yitunganya neza, ikaba yemewe n’amategeko ndetse yizigiwe n ’igihugu ca Australia ku buryo yaba umurundi canke umunyamahanga ashatse gufasha ba ntahonikora b’abarundi abicishije muri BDA , uburyo yakoresheje Australia ibumusubiza biciye muri iryo shirahamwe nyene.

kamwe mu bice bigize ikete rya Jean Pierre

Umuntu agerageje kwihweza ingene ibihugu bihaye indaro abarundi baba mu mahanga biba bifise vyinshi vyofasha benewabo basigaye mu bihugu ari nkahamwe bafise ubuserukizi bwiza, uwariwe wese ashobora kwibaza ,ko kweri abo barundi bakunda igihugu cabo koko?
Nyimba bakunda igihugu kuberi iki indyane mu mashirahamwe yabo?, Hagati yabo boba bakundana koko?, Mbega birashika bakiyumvira abo basize iwabo koko? Mbega umuco w’ikirundu udasaba kudashira isoni, kandi ko agashato gacafuye kogerezwa mu muryango uracabaho’?

Ivyo n’ibindi bibazo mufise indundi TV ikazobategurira akaryo ko kubahuza n’indongozi za Diaspora ndundi batubwire izo ndyane bamamwo ico zivako nukwo hoba hari icizere c’uko zohera.

Mwomenya ko Ishirahamwe BDA(Burundian diaspora in Australia) mu mwaka wa 2012 rikaba ryagiye rihura n’ibibazo bitandukanye bihagaze ku kwinubana, ndetse n ’ubushobozi buke bw’indongozi zaryo, gushika ubu rikaba rimaze gushinga imizi mu ntara 5 zigize igihugu ca Australia.
Mwomenya ko kandi ico gihugu gifise amashiramwe y ’abarundi atari make kandi ari ku kivi mu gufashanya hagati yabo, ndetse no gufasha benewabo basize mu gihugu.

Uraganda rwa Indundi TV rukaba rugiye kubarondera abarongoye BDA muri kino gihe ndetse na Peter Taratara bakoreye mu ngata kugira babahe umuco kuco bise akaguma kabarizwa muri iryo shirahamwe ndetse n ’iherezo ryako.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 651